« RAJEDES » RASSEMBLEMENT DES JEUNES POUR LE DEVELOPPEMENT ET SOCIO-ECONOMIQUES AU BURUNDI

Haziko Imuhira igira 13


Icivugo cari: "Urwaruka shingiro ry'iterambere ry'uno musi n'ejo, kugihugu no mukibano."

Itariki 27 Rusama 2024, ku cicaro gikuru ca Rajedes Burundi niho haramutse habera Haziko Imuhira igira 13. Umwe mubagize urwaruka rwa Haziko Imuhira niwe yaremesheje ikiyago c'umusi, mu ntangamarara ati: Ni gute dushobora kugwanya ivyiyumviro vyubushurashuzi mu gihe tukiri abayabaga? 

Ica mbere dukwiye kudaha ikibanza ivyiyumviro vyubushurashuzi. Ica kabiri dukwiye kwirinda abagenzi babi. Ica gatatu dukwiye kumenya no gutegura imitego Satani aba yaduteze na cane cane iyo turikumwe nabahungu tukubahuka kuvuga OYA. 

Ku civugo ca Haziko cuwo musi, urwaruka nimiyabaga itarenza imyaka 35, nirwo shingiro, nirwo terambere, nirwo rukibasha Kandi rushoboye gukora. Nico gituma rutegerezwa kuba umushinge mu bikorwa vy'iterambere mu gihugu narirya arirwo rugifise umwanya munini. Urwaruka rurakenerwa mu gucungera umutekano mu kibano, rurakenerwa mu nkino no mu bindi bisata vy'iterambere ry'igihugu. Kubwivyo rwategezwa kuba akarorero mu kibano narirya arigo Burundi bw'ejo. 

Publié le 2024-05-23 A 12:26:29

RAJEDES,Copyright © 2023. All rights reserved. Designed by New High Technology (NHT)