« RAJEDES » RASSEMBLEMENT DES JEUNES POUR LE DEVELOPPEMENT ET SOCIO-ECONOMIQUES AU BURUNDI

Isabukuru ya mbere ya Haziko imuhira


Kuri uwu wa gatanu itariki 19 Avril 2024 igihe cisaha 10 zumuhingamo ku cicaro gikuru c'ishirahamwe Rajedes hariko hahimbazwa isabukuru ya mbere ya haziko imuhira. Ikaba yari na haziko imuhira igice ca 12. Icivugo ca haziko yari "Ni gute urwaruka rwonesha ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina?" Soma muri 2 samweli 13:1-14

Uwatanze ico cigwa umuhuzabikorwa wa RAJEDES, Donatien Nibogora yarahaye urwaruka imikenyuro (stratégies) 3 rwokoresha kugira bikunde:

Ubwambere, urwaruka rurashobora kunesha ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina mu kwanka Ko ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina biguma mu vyiyumviro vyabo. 

Ubwakabiri, urwaruka rurashobora kunesha ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina mu kwirinda abagenzi babi (amareresi y'ibishirasoni...)

Ubwagatatu, ugwaruka rururashobora kunesha ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina mu guhinyura imitego yose yabahomba kubahumbisha. 

Birashoboka cane, urwaruka rurashobora kwirinda ivyifuzo vyo guhuza ibitsina mu buryo bwo Kwihangana. Haziko yari yitabiriwe n'urwaruka rwinshi rwo muri kino gihe ruhura n'ingorane zitandukanye, ikibazo kikaba kutaronka inyigisho zibereye kandi zugurukira bose. 

Kari akaryo keza ko guhanana ivyiyumvira no kuyaga kurwaruka rwo mumihingo itandukanye. Mwomenya ko haziko imuhira yabandanye mu gusangira nurwo rwaruka mu ntumbero yo guhimbaza isabukuru ya mbere ya haziko imuhira. 

Urwaruka rurashimira ishirahamwe Rajedes Burundi ukuntu ryitanga mu kubaha ikiyago cugurukira bose. 


Publié le 2024-04-20 A 09:10:20

RAJEDES,Copyright © 2023. All rights reserved. Designed by New High Technology (NHT)