« RAJEDES » RASSEMBLEMENT DES JEUNES POUR LE DEVELOPPEMENT ET SOCIO-ECONOMIQUES AU BURUNDI

Haziko Imuhira igice 10: Imvo zisamwa z'inda zitifujwe urazizi? Mbega zirafishe ishingiro? Ingaruka mbi z'inda zitifujwe urazibazako


Nta mvo iriho yotuma batera inda zitifujwe, vyose vyoherera mukuyaga. Ico nico kiyago ugwaruka
Gwariko ruyaga kuvyerekeye Ingorane zihari zinda zishushu muri Haziko imuhira igice 10. Icivugo ca Haziko yuwo musi yari " Imvo zisamwa z'inda zitifujwe urazizi? Mbega zirafishe ishingiro? Ingaruka mbi z'inda zitifujwe urazibazako" 

Rajedes Burundi ibichishije mumugambi wayo Haziko Imuhira kuri uyu wagatanu itariki 23 Ruhuhuma uwu mwaka 2024. Yarateguye Haziko Imuhira igice 10, Ikiyago kikaba caranzwe n'imvo zituma abahungu batera canke abakobwa basama inda zitifujwe hamwe n'ingaruka mbi zinda zitifujwe kubigeme. 

Imvo zituma abahungu batera inda zitifujwe bayaze Zikaba ari; Kwiyemera, Gusesagura ubutunzi, Kutiyumvira, Akaboregwe nibiyovya genge, Kutagira ico akora, Kutitahura, Kudatahura agaciro kibihimba vyirondoka. Kuruhande rw' abigeme; Kudashobora icigwa cibiharuro kumvo yo kurondera gutahura icigwa mubundi buryo, Gukunda umunyenga canke ico bita bakunda kwita "lift", Kugunda amaronko, Agakuku, Akaboregwe hamwe no Kwiyandarika. 

Intambamyi zogutera inda zitifujwe kuruhande rwabahungu; Ihungabana mubuzima bita mu rurimi gwicongereza "stress", Ubukene, Gukumigwa canke kubonwa nabi mukibano, Gufungwa, Kugwiza Igwirirana ryabantu hamwe no Kuyerera.
Ingaruka mbi zinda zitifujwe kubigeme; Kwiyanka, Kwangazwa, Uguhagarara kubuzima, Gutakaza agaciro, Kubura umwidegemvyo, Kudaha iteka abavyeyi, Kwononekara kw'ibice vy'umubirivy'umubiri hamwe n' ibugumba. 

Kari nakaryo ko gutegera ireresi irimwo inyigisho kuburyo bwo kwikingira kubigeme na cane cane kwiga guhakana. 

Hakaba habaye intahe zabamaze gushikgwa nizo ngorane, umwe mumiyabaga akaba yaratanze akarorero kubagenzi biwe bashikiwe n' ingorane bagatwara inda zishushu bakiri imiyabaga cane, kumyaka 14. Akaba yarakengurutse cane ku nyigisho zatanzwe agasaba nabandi barikumwe ko bozizirikana bakamenya ko aribo batekerezwa gukingira kazoza kabo kubwabo. 

Abigeme bogerageza kuba magabo bakingira ingorane, "Bakubahuka kuvuga oya "narirya akaba aribo babangamirwa cane.

Publié le 2024-02-24 A 03:12:16

RAJEDES,Copyright © 2023. All rights reserved. Designed by New High Technology (NHT)